Uko wahagera

Inyungu z'Amasezerano ya Etiyopiya na Eritreya


Umushikiranganji wa Eritreya w'Imigenderanire Osman Sale, hagati, aha ikaze umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, hagati i Addis Ababa, Ethiopia, italiki 26/06/2018.
Umushikiranganji wa Eritreya w'Imigenderanire Osman Sale, hagati, aha ikaze umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed, hagati i Addis Ababa, Ethiopia, italiki 26/06/2018.

Inyungu z’amasezerano yateweko umukono hagati ya Etiyopiya na Eritreya zaratanguye kuja ahagaragara.

Indege z’ubudandaji zarasubiye kugira ingendo hagati y’ivyo bihugu bibiri, kandi hari umugambi watanguye gusuzumwa utumbereye kwongera kwugurura ambasade muri ivyo bihugu vyose.

Avugira ku cicaro c’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, i Addis Abeba muri Etiyopiya, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze ko ibihano ONU yari yarafatiye Eritreya bizoca bita agaciro inyuma yo kunagura umubano hagati y’ibihugu vyose.

Eritreya yafatiwe ibihano muri 2009. Ico gihe vyavugwa ko yafasha umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab.

Kuwa mbere kandi, Mahboub Maalim, umunyamabanga nshingwa bikorwa w’umuryango w’iterambere rw’ibihugu vyo mu burasirazuba bw’Afurika, IGAD, yavuze ko biteguye ko Eritreya igaruka mur'uyo muryango. Iki gihugu cavuye muri IGAD mu 2007, kandi carazibiwe kenshi gishaka gusubiramwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG