Uko wahagera

Abayobozi ba Etiyopiya na Eritreya Bashobora Guhura Vuba


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yakira intumwa za Eritreya
Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed yakira intumwa za Eritreya

Abategetsi b’ibihugu bidacana uwaka vya Etiyopiya na Eritreya bazohura vuba mu buzoba bubaye ubwa mbere mu kiringo kigera hafi y’imyaka mirongo ibiri. Ivyo vyatangajwe n’itangazamakuru rya Reta ya Etiyopiya uno musi ku wa kane.

Abategetsi bakomeye b’igihugu ca Eritreya bashitse muri Etiyopiya mu ntango z’iyi ndwi, mu rugendo rwa mbere hagati y’ivyo bihugu bibiri kuva habaye ingwano ku rubibe hagati yavyo hagati y’umwaka w’i 1998 n’umwaka w’i 2000. Iyo ngwano yatumye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri ihagarara.

Itangazamakuru rya Reta ya Etiyopiya rimenyesha ko umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu, Abiy Ahmed, na prezida wa Eritreya, Isaias Afwerki, bazobonana vuba.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yatangaje mu ntango z’uku kwezi ko igihugu ciwe kizohebera ubutaka cari cabandanije kwigarurira.

Ivyo naho ingingo y’umurwi w’ishirahamwe ONU ujejwe ivyerekeye imbibe mu mwaka w’i 2002 yari yangaje ko ubwo butaka ari ubwa Eritreya.

Eritreya yari yakoresheje ukwigarurira ubwo butaka kwa Etiyopiya kugira ihagarike imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG