Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Ivuga ko Ukwihangana Kwayo Kwageze kw' Iherezo


Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru
Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru

Koreya ya Ruguru itangaza ko ukwihangana kwayo kwageze kw’iherezo kandi ko yarambiwe n’ico yita agasomborotso ikorerwa.

Mu itangazo ryashizwe ahabona n’itororokanirizo ry’amakuru ya Reta muri Koreya ya Ruguru, KCNA, ico gihugu cagirije Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuba ari zo zatumye akanama ka ONU kajejwe umutekano gakorana muri ino ndwi kakiga ku kibazo ca Koreya ya Ruguru kubera missile ico gihugu giheruka kugerageza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Koreya ya Ruguru n’ayandi makungu muri iryo tangazo iyo nama yayise “Agasomborotso keruye” yongera asigura ko hari ivyo igihugu ciwe cakomeje kwirinda gukora no kwihanganira ariko bitazohora uko.

ONU ivuga ko igeragezwa rya missile ya nyuma mu ntango z’uku kwezi ryarenze ku ngingo zafatiwe Koreya ya Ruguru.

Kuva mu kwa gatanu k’uno mwaka, Koreya ya Ruguru imaze kugerageza ibisasu vya missile 11 birimwo n’ivyo mu bwoko bwa Balistike ico gihugu kitemerewe gutunga.

Mu ndwi iheze Koreya ya Ruguru yavanye akarenge mu biganiro vy’ibanze kw’ihagarikwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda vya nikelyeri yagiriza Amerika kutazana ivyuyumviro birashe. Ni ibiganiro vyari vyongeye kuvyuka inyuma y’amezi atari make vyari bimaze vyarahagaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG