Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yateye Izindi Misile Zibiri


Abanyagihugu ba Koreya y'epfo bakurikirana ingene igisasu ca Misile giterwa muri Koreya ya Ruguru, itariki 31/07/2019
Abanyagihugu ba Koreya y'epfo bakurikirana ingene igisasu ca Misile giterwa muri Koreya ya Ruguru, itariki 31/07/2019

Koreya ya ruguru yarateye mu kirere ibisasu bibiri vya misile zitagenda ikirere kirekire mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatatu, nkuko bishikirizwa n’igisirikare c’igihugu kibanyi ca Koreya y’epfo. Bugize kabiri Pyongyang itera ivyo bisasu mu kiringo kiri munsi y’indwi.

Ntibiramenyekana nimba ibi bisasu vya Misile vyo kuri uyu wa gatatu vyatewe hakoreshejwe ubuhinga nk’ubwakoreshejwe ku vyatewe mu ndwi iheze.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ntaco arashikiriza kuri izi misile nshasha zatewe, ariko umutegetsi w’Amerika yavuganye n’Ijwi ry’Amerika yashikirije ko bagiye kubandanya bakurikiranira hafi uko ibintu vyifashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG