Uko wahagera

Kongo: Abakatolika mu Myiteguro yo Gusubira Kwiyamiriza Kabila


Bamwe mu bakatolika bo muri Kongo bari mu myiyerekao yo gusaba Kabila ngo Akinjure
Bamwe mu bakatolika bo muri Kongo bari mu myiyerekao yo gusaba Kabila ngo Akinjure

Urunani CLC, ruhurikiyemwo amashirahamwe agwiriyemwo abakatolika muri Kongo, rwahamagariye abanyagihugu mu yindi myiyerekano yo gusaba Perezida Kabila kuva ku butegetsi.

Mw’itangazo urwo runani rwasohoye rwanditse ruti: "kw’igenekerezo rya 25 dusidukane n’iyonka, twiyamirize intwaro y’agakenye tutaravye ubudasa bw’amashengero canke amadini twegukira.”

Amatora y’uwuzosubirira Perezida Jospeh Kabila, ategekanijwe kw’italiki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri uno mwaka.

Abariko batunganya imyiyerekeno, basaba Perezida Kabila kudasubira kwitoza, basigura ko manda ziwe zibiri yararekuriwe n’amategeko zaheze mu mwaka wa 2016.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryemeza ko abagera kuri 15 aribo baguye mu myiyerekano yari yatunganijwe n’abakatolika mu mpera z’umwaka wa 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG