Uko wahagera

RDC: Abantu 8 Bishwe mu Myiyerekano y'Ukwiyamiriza Perezida Kabila


Des policiers congolais passent devant des barricades lors d'une manifestations dans les rues de Kinshasa, en RDC, le 20 décembre 2016.
Des policiers congolais passent devant des barricades lors d'une manifestations dans les rues de Kinshasa, en RDC, le 20 décembre 2016.

Abasivile 8 barishwe ku musi w’Imana muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo abandi baharurwa mw’ijana barahagarikwa, mu myiyerekano yatunganijwe n’Abakatolika biyamiriza iguma ku butegetsi rya perezida Joseph Kabila.

Igipolisi ca Kongo cavuze ko hapfuye abantu 3, mu gihe reta yo yavuze ko umupolisi umwe ariwe yishwe ku murwa mukuru Kinshasa.

Igipolisi carashe insoro z’ukuri, gikoresha n’imyuka ibabaza mu maso ku bantu bari mur’iyo myiyerekano. Iyo myiyerekano yatunganijwe n’Abakatolika bo muri Kongo, inyuma y’umwaka hasinywe amasezerano y’amahoro yari ahagarariwe n’abepiskopi Katolika mur’ico gihugu.

Amasezerano yategekanya amatora y’umukuru w’igihugu mu mpera z’umwaka wa 2017 kugira bategure ukuva ku butegetsi kwa Kabila.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bose hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike bifatanije n’abandi mur’iyo myiyerekano, yari yabujijwe n’ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG