Uko wahagera

RDC Yafatiye Izindi Ngingo Ububiligi


Umushikiranganji w'Ububiligi ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu Didier Reynders abonana na Perezida Joseph Kabila, i Lubumbashi, itariki 22 z'ukwezi kwa munani, 2012.
Umushikiranganji w'Ububiligi ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu Didier Reynders abonana na Perezida Joseph Kabila, i Lubumbashi, itariki 22 z'ukwezi kwa munani, 2012.

Reta ya Republika iharanira demokarasi ya Congo kur’uyu wa mbere yafashe izindi ngingo ku Bubiligi mu gusaba ko ibiro vy’abaserukira ivyo bihugu bibiri vyugarwa kandi n’ingendo ikompanyi y'indege y’Ababiligi, Brussels Airlines igira i Kinshasa zigabanywe kuva ku musi ndwi gushika kuri ine buri ndwi.

Umuhanuzi wa Perezida Joseph Kabila yavuze ko iyo ngingo yafashwe ku musi w’Imana kandi yamaze kumenyeshejwe Ububiligi.

Haraheze indwi zibiri Kinshasa isavye ko ibiro “Schengen" bitangirwamwo visa ku baja i Bulaya biri i Kinshasa vyugarwa, inyuma y’aho kw’itariki 10 z’ukwezi kwa mbere Ububiligi bushikirije ko bugiye gusubiramwo imigenderanire n’abategetsi ba Congo gushika habaye amatora yemewe na bose.

Imigenderanire hagati y’Ububiligi na RDC yunyuwe n’icuka kibi ca politike muri Congo aho ikiringo ca kabiri ca Perezida Kabila carangiye kw’itariki ya 20 z’ukwezi kwa 12, 2016. Amatora yari ategekanijwe mu mpera za 2017 yungururijwe mu mpera za 2018.

Umushikiranganji w’Ububiligi ajejwe imigenderanire n’amakungu, Didier Reynders, yaraneguye igikenye cakoreshejwe mu kubuza abakatolika bari mu myiyerekano yiyamiriza iguma rya Kabila ku butegetsi, yahitanye abantu 7 nkuko bishikirizwa na ONU.

Mu ntango z’umwaka wa 2017, abategetsi ba Congo batangaje ko bahagaritse imigenderanire ya gisirikare n’Ububiligi.

Mu mwaka wa 2017 umuryango w’ubumwe bwa Bulaya warafatiye ibihano abategetsi 15 ba Kongo ku vyaha vyo kubangamira agateka ka muntu no kuba intambamyi ku matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG