Uko wahagera

Uganda: Imyaka y'Amavuko Perezida Atabwirizwa Kurenza Yoba Igiye Kuhava?


Perezida wa Uganda Yoweri Museveni mu 2016
Perezida wa Uganda Yoweri Museveni mu 2016

Sentare yo mu gihugu ca Uganda iriko irumviriza urubanza rusaba gufuta ingingo yafashwe, ivuga ko imyaka idashobora kuba intambamyi ku butegetsi bw’umukuru w’igihugu abumazeko igihe kirekire.

Abanyapolitike batavuga rumwe na reta ya Uganda hamwe n’ishirahamwe ry’abashikirizwamanza, bariko bariyamiriza iryo tegeko ryafashwe mu kwezi kwa 12, riha uburenganzira Perezida Yoweri Museveni bwo kuguma ku butegetsi mu kiringo kingana n’imyaka 50.

Iryo tegeko ryakuyeho ingingo iri mw’ibwirizwa nshingiro yavuga ko ata muntu n’umwe arenza imyaka 75 ashobora kuba perezida w’igihugu ca Uganda.

Museveni, acuditse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yafashe ubutegesi mu 1986, afise imyaka 73 muri iki gihe, kandi ntiyari gushobora kwitoza, igihe ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka w’2021.

Museveni ari mu bandi bakuru b’ibihugu muri Afrika bagerageje kuguma ku butegetsi, barinze guhindura ibwirizwa shingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG