Uko wahagera

Museveni Yugururiwe Inzira yo Gutwara Gushika 2031


Perezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni
Perezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni

Abashingamateka ba Uganda batoye ku bwinshi integuro y'itegeko rikura imyaka y’amavuko Perezida atorenza kugira yemererwe kwitoza, ingingo yugururiye inzira umwe mu ba perezida batwaye igihe kirekire, Yoweli Museveni kubandanya atwara gushika muri 2031.

Iyo nteguro yemejwe kur'uyu wa gatatu ku majwi 315 kuri 62 barihakanye. Iyo mpinyanyuro kandi ikuyeho ingingo yabuza uwufise imyaka iri munsi ya 35 hamwe n’uwurenza 75 y’amavuko kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Iyo nteguro y’itegeko izoba itegeko bwite igihe Museveni azoritererako umukono.

Uganda gihambije ibindi bihugu vya Afrika vyahinduye ibwirizwa nshingiro ku nyungu z’abategetsi. Ibihugu bishika kuri cumi kur’uyu mugabane vyarakuye ibiringo vy’umukuru w’igihugu, nkuko bivugwa n’ikigo c’Afrika, Center for Strategic Studies gihabwa buryo bw’amafaranga na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG