Uko wahagera

Uganda: NRM Yifuza ko Museveni Yategeka kugeza muri 2035


Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Uganda, National Resistance Movement, mu mpfunyapfunyo, NRM, uriko urondera kugirisha referandumu yo kwongereza ikiringo c’intwaro imaze igihe kirekire ya Perezida Yoweri Museveni gushika mu mwaka w’i 2035.

Ivyo n'aho birwanywa n’abayoboye abatavuga rumwe na Reta bavuga ko vyotuma umukuru w’igihugu atwara ubuzima bwiwe bwose.

Referandumu y’ukwongereza ikiringo ca perezida, mu kuva ku myaka itanu kikaja ku myaka indwi, izoba muri uyu mwaka w’i 2018. Ivyo bitangazwa n’umuvugizi w’umugambwe NRM, Rogers Mulindwa. Amenyesha ko iyo referandumu itegerezwa kuba mur’uyu mwaka.

Mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, abashingamateka baremeje itegeko ritahuriweko na bose rigenewe gukuraho ingingo iri mw’ibwirizwa shingiro iziririza uwari we wese arenza imyaka 75 kuba perezida. Iryo tegeko ritegekanya kandi ibiringo bibiri ku mukuru w’igihugu kuva mu mwaka w’i 2021.

Yoweri Musevani, mur’iki gihe afise imyaka 73, ararekuriwe mur’iki gihe kwitoza mu bindi biringo bibiri, igihe ikiringo ciwe kizorangira mu mwaka w’i 2021. Museveni ari mu bakuru b’ibihugu vyo muri Afurika bamaze ikiringo kirekire cane ku butegetsi.

Ni umwe mu batari bake bagerageje kwongereza ikiringo cabo ku butegetsi mu guhindura ibwirizwa shingiro canke mu gukoresha ubundi buryo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG