Uko wahagera

Impari mu Bashingamateka ba Uganda ku Myaka ya Perezida Zirabandanya


Mu nama nshingamateka y'Ubuganda
Mu nama nshingamateka y'Ubuganda

Impari mu nama nshingamateka y’Ubuganda ku myaka y’amavuko umukuru w’igihugu ca Uganda atorenza hamwe n’imyaka y’ibiringo vy'umukuru w'igihugu zarahagaze bukwi na bukwi kur’uyu wa kabiri inyuma y’aho umwe mu bashingamateka avuze ko yabonye umusirikare aje agana mur’iyo nama.

Ivyo vyatumye haba imigumuko hagati y’abashingamateka n’igipolici c’inama nshingamateka.

Abashingamateka bariko baharira kw’itegeko rishobora guhindura imyaka y'amavuko umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu adakwiye kurenza kugira yemererwe kwitoza. Itegeko mu gihe ryokwemeza ryoha uburenganzira Perezida Yoweri Museveni kuzongera kwitoza mu matora yo muri 2021.

Abashingamateka batavugarumwe na reta hamwe na bamwe bo mu mugambwe uri ku butegetsi ntibashigikiye iyo nteguro y’itegeko.

Izi mpari zarabaye no ku musi wa mbere aho bamwe mu bashingamateka bateye urwamo rwinshi no gukubitana intebe vyatumye umukuru w’Inama nshingamateka, Rebecca Kadaga ahagarika abashingamateka batandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG