Uko wahagera

Inteko za EAC Zongewe Amezi Atandatu muri Kongo


Inteko za EAC ku kibuga c'indege i Goma
Inteko za EAC ku kibuga c'indege i Goma

Inteko za EAC zagiye kugarukana amahoro mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo zongewe ikindi kiringo c'amezi atandatu. Ibi biri muvyapfunditswe mu nama igira 21 yahuje abakuru b'ibihugu bihurikiye muri uyo muryango.

Muri iyo nama hakiriwe indahiro z’ivyegera bibiri vy’umunyambanga mukuru wa EAC, Umunyakenya Peter Mutuku Mathuki. Bose uko ari babiri ni abakenyezi: Annette Mutaawe Ssemwemba, Umugandakazi na Andrea Aguer Ariik Malueth wo muri Sudani y’amajepfo.

Igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo giheruka kwinjira mu muryango wa EAC kikaba kitaraserukiwa mu nzego zose z’uwo zawo cari kiramutse kironswa ubuserukizi muri sentare y’ubutungane ya EAC.

Ignace Kayemba Kasanda ni we mucamanza wa Kongo aroye gusasa i Arusha muri Tanzaniya ku cicaro c’urwo rukiko. Iyo sentare kandi yaronkejwe icegera c’umukuru wayo. Umunyarwandakazi Anitha Mugeni agiye gufadikanya n’Umurundi Nestor Kayobera ku burongozi bw’iyo sentare.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi asanzwe ari we aramutswa umuryango wa EAC muri kino kiringo muri make yashimye ukuntu uwo muryango muri ibi bihe uriko urafasha cane kwitaho ibibazo vy’umutekano w’abanyagihugu b’ibihugu biwugize. Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto igihugu ciwe gikomokamwo umugabisha w’ingabo za EAC ziri mu buseruko bwa Kongo akaba ari nawe mukuru w’igihugu wenyene yavuye hanze y’Uburundi yitabiriye iyi nama yavuze ivyo bashitseko mu mwiherero.

Yakeje mugenzi we w’Uburundi Evariste Ndayishimiye ku ntambwe igezweko mu kugarukana amahoro mu buseruko bwa Kongo maze atangaza ibitari bizwi.

Itangazo ryasozereye iyo nama ryavuze ikiringo izo nteko zongewe. Ni kugera kw’itariki ya 8 ukwezi kwa cenda uyu mwaka. Ariko kandi Mathuki yavuze ibindi vyumvikanyweko.

Inama y’i Bujumbura kandi yemeje ko hagiye kubaho umusivire azobangabanganwa n’umukuru w’ingabo za EAC kugira azorabe ibintu vyose vyerekeye politike n’ibindi bibazo bitaraba intwaramiheto mu buseruko bwa Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG