Uko wahagera

Igisirikare c'Uburundi Cagiriza Tereviziyo y'u Rwanda Gutanga Amakuru y'Ibinyona ku Bikorwa Kirimwo muri RDC


Abasirikare b'Uburundi bashitse ku kibuga c'indege i Goma
Abasirikare b'Uburundi bashitse ku kibuga c'indege i Goma

Igisirikare c'Uburundi FDNB cagiriza Tereviziyo y'igihugu c'u Rwanda gutanga amakuru y'ibinyoma ku bikorwa vy'ingabo z'Uburundi ziri mu burasirazuba bwa Kongo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu ngabo za EAC.

Umuvigizi wa FDNB colonel Floribert Biyereke abivuga afatiye ku kiganiro caciye kuri Tereviziyo y'u Rwanda kuwa 14 uku kwezi aho hari umutumire yavuze ko abasirikare b'Uburundi baha ibirwanisho inyeshamba zirimwo FDLR na Maï Maï.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, colonel Floribert Biyereke umuvugizi wa FDNB, igisirikare c’Uburundi yavuze ko abasirikare b’Abarundi bari mu buseruko bwa Kongo mu ntara za Kivu y’ubumanuko n’uburaruko bariko bakora bisunze amategeko bahawe n’akarere ka Afrika y’ubuseruko hamwe n’igihugu cabakiriye.

Yavuze ko muri Kivu y’epfo ingabo z’Uburundi zikoranye n’iza Kongo ziriko zikora ibikora inka hakaba hari n’imihari y’inyeshamba imaze kwemera gushira ibirwanisho hasi mu gihe iyindi harimwo iy’Abarundi ihafise ibirindiro iriko irashwiragizwa. Yatangaje ko naho ingabo z’Uburundi zikora bigashimwa hari abaguma bazityoza babicishije kuri tereviziyo y’u Rwanda nk’urugero. Yavuze ko ata basirikare b’Abarundi bakorana n’imirwi y’inyeshamba nk’uko ico kinyamakuru ca Reta y’u Rwanda cabivuze.

Ivyo vyagiriji avuga vyashikirijwe n’umwe mu batumire b’ikiganiro co kuwa 14 uku kwezi caciye kuri tereviziyo y’u Rwanda. Cari cerekeye ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Kongo.

Ijwi ry’Amerika ryashimye kumenya ico ubuyobozi bw’ikigo c’itangazamakuru rya Reta mu Rwanda bubivugako maze ryakura Arthur Asiimwe, umuyobozi mukuru w’ikigo cy’igihugu cy’itangazamakuru mu Rwanda kizwi mu mpfunyapfunyo y’icongereza nka RBA.

Yagize ati: “Ntabwo ari igitekerezo ca Reta y’u Rwanda canke ca RBA. Ni igitekerezo c’umuntu ku giti ciwe kandi yabivuze nk’umuntu yigenga. Ivyo yavuze ntibisiguye ko bishigikiwe na Reta y’u Rwanda canke RBA ahubwo yatanze igitekerezo nk’undi mutumire wese ashikiriza ico yiyumvira”, ni ko bwana Asiimwe yatubwiye muri make ku murongo wa terefone.

Colonel Biyereke avugira igisirikare c’Uburundi yatatse ingabo z’Uburundi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu.

Uburundi bufise batayo 3 mu burasirazuba bwa Kongo. Zibiri ziri muri Kivu y’amajepfo. Imwe iharurwa mu ngabo za EAC mu gihe iyindi ikora hisunzwe amasezerano hagati y’Uburundi na Kongo. Iya gatatu iri muri Kivu ya ruguru mbere umuce umwe wayo wafashe inzira y’ibarabara utizwa umuhora n’u Rwanda kugira uhagere nk’uko colonel Biyereke yabivuze.

Abasirikare b’Abarundi baragirijwe akatari gake n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ko bahohotera abanyagihugu bakanaherekezwa n’abagize urwaruka rw’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi- Imbonerakure muri Kivu y’epfo imbere y’itariki ya 15 ukwa munani umwaka uheze imbere y’uko batangura kwinjira ku butaka bwa Kongo ku mugaragaro.

Ariko muri Kivu ya ruguru nta muntu canke ishirahamwe yari bwabidogere. Mbere na Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU mu ntango z’ukwezi yari yashimagije ibikorwa vy’abasirikare b’Abarundi mu gihe yari mu nama ivuga ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Kongo mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura.

Ibi vyagiriji bije kandi inyuma yaho imigenderanire y’Uburundi n’u Rwanda iviriyemwo agatosi inyuma y’imyaka irenga indwi ivyo bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika birabana ay’ingwe. Uburundi bwiyunze n’u Rwanda mu gihe imigenderanire ikomeje gutituka hagati ya Kongo n’ico gihugu. Reta ya Kongo yagiriza u Rwanda kuba rushigikira umuhari wa M23 wasubiye gufata ibirwanisho mu mpera za 2021 ukifatira uterere twinshi muri Kivu ya ruguru, intandaro yo kurungikwayo kw’ingabo za EAC hamaze kuba amasezerano yo guhagarika intambara, izo nyeshamba zigizwe n’Abatutsi b’Abakongomani zigahebera ibirindiro vyazo ingabo z’umuryango wa Afrka y’ubuseruko.

Ibihugu vy’Uburundi, Kenya, Uganda na Sudani y’epfo ni vyo kugera ubu bifise abasirikare mu ngabo za EAC mu buseruko bwa Kongo. Tanzaniya abo ifiseyo bari mu murwi w’abasirikare b’imbangukiragutabara muri Monusco mu ngabo za ONU mu gihe u Rwanda rwakuyeyo intwazangabo rwari rufiseyo gusa kubera ukutumvikana na Kongo. Ariko abakuru b’ibihugu vy’u Rwanda na Tanzaniya mu ntango z’ukwa kabiri mu nama yabereye i Bujumbura bemeye ko ibihugu vyabo bizotanga inkunga y’amafaranga kuri izi ngabo za EAC, ivyo Prezida Felix Tshisekedi atanse naho yagirije mugenzi we Paul Kagame w’u Rwanda ko ari we ateza ikibazo c’umutekano muke mu buseruko bw’ico gihugu kinini cane co muri Afrika yo hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG