Uko wahagera

Ibiziga Hafi 60 vy'Abantu Vyaratowe mu Buseruko bwa RDC


Ikarata yerekana intara ya Kivu y'uburaruko
Ikarata yerekana intara ya Kivu y'uburaruko

Abategetsi bo mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo bavuga ko ibiziga vy’abantu hafi 60 vyatowe mu turere dutandukanye two mu ntara ya Kivu y’uburaruko.

Abo bategetsi bavuze kuri uyu wa gatatu ko abo banyagihugu bo mu bigwati vya Kashali na Kazaroho muri teritware ya Rutshuru bagandaguwe n’abaroberi b’umuhari M23.

Abarwanyi b’uwo muhari bagirizwa n’abasivire hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu kwica abasivire no kunyuruza abantu. Mu ntango z’uku kwezi, uwo muhari waravuye mu bice vyinshi wari warafashe, mu kubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara. Ariko abanyagihugu bo muri utwo turere bavuga ko bakihari.

Haruhande y’ubwo bwicanyi bwagirizwa M23, abarobeli bahurikiye mu muhari CODECO bo mu ntara ya Ituri nabo barongereje ibitero. Ku musi wa kabiri, abantu 19 barishwe n’uwo muhari muri teritware ya Irumu, nkuko vyavuzwe na Gili Gotabo, arongoye umuhari wa sosiyete sivile muri Irumu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG