Uko wahagera

Imyaka 59 Iraheze Umuganwa Ludoviiko Rwagasore Agandaguwe


Rwagasore Louis
Rwagasore Louis

Uburundi kuri uno wa kabiri buribuka imyaka 59 iheze hagandaguwe Umuganwa Louis Rwagasore yarondeye intahe yo kwikukira. Ibirori nyamukuru vyabereye ku mugwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura.

Umukuru w'inama y'abepisikopi katolika mu Burundi Musenyeri Gervais Banshimiyubusa yasomye imisa yavuze ko igihugu kitarimwo abantu bafise umwidegemvyo ata mahoro arama gishobora kuronka, aca ahamagarira Abarundi n'abatwara kugendera iragi ry'iyo ncungu y'ukwikukira.

Abanyepolitike bamwe bamwe bavuga ko iragi ryiwe ririko riraja mu ngiro kubera amatora atagikurikirwa n'indyane canke imishamirano. Ariko hari abandi babona ko n'imiburiburi imigambi yifuza kuzogezako Abarundi igishigaje imyaka 20 kugira ishobore kurangurwa.

Rwagasore yarondeye intahe yo kwikukira yagandaguwe arashwe n'Umugiriki Jean Kageorgis kuri Hotel Tanganyika i Bujumbura. Hari inyuma y'iminsi 25 umugambwe wiwe Uprona uhejeje gutsinda amatora y’abashingamateka mu 1961.

Agishinga Leta, yatoye incabwenge zo mu bwoko bwose kandi yahamagariye Abarundi kwitaho iterambere no kuvavanura n’amacakubiri. Rwagasore yashimangiye cane ko n’abamugawanya muri politike ari abana b’Uburundi kandi igihugu kibakeneye. Ijambo ry’uwo mwana w’umwami Mwambutsa wa kane n’ubu umengo ni ho rikivugwa kuko ibibazo ryaganishako bigihanze Abarundi.

Inyuma y’imyaka 59 yishwe, umugambwe Uprona yasize wiciyemwo ibice ubu birenga 6. Ishami ryegamiye Leta ni ryo rizwi n’amategeko. Olivier Nkengurutse, umunyamabanga nshingawabikorwa waryo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iterambere Rwagasore yifuza ritaregerwaho.

Ibigikenewe gushirwa mu ngiro n’umugambwe APDR ugizwe ahanini n’urwaruka urabibona. Umukuru wawo Gabriel Banzawitonde ahanini afata Rwagasore nk’intangarugero kubera ibintu bibiri: kwemera kwigura igihugu akiri muto kandi yaturuka mu munda y’ingoma ataco YARI akenye. Abona ko amatora aheruka ari ikimenyetso ko ihangiro rya Rwagasore ririko rirangurwa. Abivuga afatiye ku kuntu atakurikiwe n’imvururu.

Umuganwa Louis Rwagasore yishwe afise imyaka 29, Uburundi buca buronka intahe yo kwikukira kw’itariki ya mbere ukwezi kw’indwi umwaka wakurikiye. Naho bamwe mu bo munda y’ingoma bagirijwe urupfu rwiwe n’umugiriki Kageorgis yamurashe akavyiyemerera bishwe banyonzwe, nta kuri kuzuye kuramenyekana ku bijanye narwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG