Uko wahagera

Kuki Uburundi Bwipfuza Gusubira ku Civugo co ku Ntwaro ya Cami?


Icivugo c'Uburundi ku ntwaro ya Cami

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi mu Burundi ntibona kumwe ivyo guhindura icivugo c’igihugu. Umugambwe Sahwanya FRODEBU usanga kugihindura biriko biba hahonyanzwe ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu.

Icegera c’umukuru w’uwo mugambwe asigura ko icivugo kihasanzwe gihinduwe Uburundi bwoba busubiye ku ntwaro ya cami. Icivugo c’igihugu cahora citwa Ubumwe, Ibikorwa, Amajambere casubirijwe Imana, Umwami, Uburundi, icivugo co ku ntwaro ya cami.

Mu mugambwe UPRONA ibaba ryegereye ubutegetsi barashima ko icivugo co ku ntwaro ya cami kigaruka. Olivier Nkurunziza avugira uwo mugambwe abona ko kugarukana ico civugo kwoba ari nko guha agateka uwiguze Uburundi, umwami Ludoviko Rwagasore ari na we yatanguje uwo mugambwe.

Icegera c’umugambwe FRODEBU, Leonce Ngendakumana, ku ruhande rwiwe avuga ko abatwara ubu bataratanga insiguro y'ikiriko kibatuma gushaka guhindura icivugo c’igihugu cahahora. Ngendakumana asigura ko vyari bifise inzira vyategerezwa gucamwo mu gusubira ku civugo co ku ntwaro ya cami.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru no ku banyagihugu kigaruka buri gihe imbere y’uko umwaka urangira Umukuru w’igihugu yarishuye kuri ico kibazo, asigura igituma ico civugo co ku ntwaro ya cami kiriko kiragaruka.

Ico civugo co ku ntwaro ya cami kiramaze guhindurwa ku mirwa mikuru y’intara zimwe zimwe z’igihugu no ku ntatemwa y’uwiguze Uburundi.

Eka mbere na Buramatari w’intara ya Makamba Gad Niyukuri yahaye mu kwezi guheze ba musitanteri ikiringo c’amezi atatu kugira babe bahinduye icivugo kiri ku mirwa mikuru y’ayo makomine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG