Uko wahagera

Umugambwe w’Abadasigana UPRONA Ubandanya Kigira Ibibazo


Ku bwa Evariste Ngayimpenda, icegera c’umukuru w’umugambwe UPRONA, uruhande rutemewe na Reta avuga kw’umugambwe uri ku butegetsi na Reta biriko bigerageza gucamwo ibice umugambwe UPRONA ,kugira Reta ishobore gutuma imigambi irimwo ibibazo irengana ata ngorane.

Yamara yamenyesheje kw’umugambwe UPRONA utazocika intege kubera abariko barondera kuwujuragiza.

Innocent Banon, aserukira umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, avuga kw’umugambwe UPRONA uriko ugerageza kwibagiza ibibazo vyawo, mu kwagiriza umugambwe uri ku butegetsi kw'ariwo nkomoko y’ibibazo ufise. Avuga kw’umugambwe UPRONA ukwirikiye gutorera inyishu ibibazo vyawo utarondeye abandi uvyomekako.

Zenon Nicayenzi, ari mu bafatanije urugamba n’uwashinze umugambwe UPRIONA, umuganwa Louis Rwagasore, amenyesha kw’umugambwe UPRONA waciye mu bibazo bitari bike kuva igihe warondera ukwikukira kw’Uburundi. Abo k’uwo mugambwe ariwo wonyene ufise iviyumviro birashe bishobora gutuma demokrasi irangwa mu gihugu.

Ku bwa Rene Claude Niyonkuru, yanonosoye ivyerekeye amategeko n’intwaro, ibiriko bishikira uamugambwe UPRONA, muri iki giohe vyashikiye n’iyindi migambwe, vyerekana uguhobahoba kw'akarangamuntu na demokrasi mu migambwe ubwayo, ivyo bikaba bigeramira ugutsimbatara kwa demokrasi nyakuri, mu Burundi.

Avuga kw’intwaro ya demokrasi irimwo cane ikintu c'umwumvikano mu vya politike, yisunze amasezerano y’I Arusha yo mu mwaka w’2000 ikenewe cane mu Burundi.

Ibi ni mu kiganiro aba batumire bose batanze kuri Radiyo Ijwiw rya Amerika, mu kiganiro giha ijambo abatwumviriza.

Ku bindi, tubatege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:34:17 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG