Uko wahagera

Iminyota y'Ibisigarira vya Musenyeri Tutu Izoshingurwana Iteka ku wa Gatandatu


Nyakwigendera Musenyeri Desmond Tutu
Nyakwigendera Musenyeri Desmond Tutu

Impande zitandukanye muri Afurika y’epfo zibandanya kwibuka no guherekezanya icubahiro Nyakwigendera Musenyeri Desmond Tutu. Igisagara ca Cape Town co muri Afurika y’epfo uno musi ku wa gatatu kirakoranya abari mu madini atandukanye, bibuka Nyakwigendera Desmond Tutu.

Umuryango w’Umuhisi Musenyeri Tutu uraza kwifatikanya n’abanyamadini batandukanye muri iyo mihango yo kwibuka uwabo ibera muri Cape Town. Bitegekanijwe ko Musenyeri Tutu aturirwa, umunyota w’ibisigarira vyiwe ugashingurwana iteka ku munsi wa gatandatu muri catedrari yitiriwe Umweranda George iri mu gisagara ca Cape Town. Imihango yo kumushingura izokwitabirwa n’abantu batarenga 100 mu ntumbero yo gukumira ikiza ca virusi ya Corona.

Mu ntumbero yo kumuherekezanya icubahiro, amakengeri yo muri iyo catedrali yitiriwe Umweranda George muri ino ndwi avuzwa iminota cumi imisi yose. Ikiziga ciwe ejo ku wa kane no ku wa gatanu kizoba kiri muri iyo catedrali yahora aranguriramwo ubutumwa, cunamirwa.

Musenyeri Mukuru Desmond Tutu yashengeye ku musi wa Mungu afise imyaka 90. Yigeze kuronka agashimwe k’amahoro kitiriwe Nobel, yamamara kw’isi kubera urugamba yagize mu kurwanya intwaro ya karyanishamiryango, apartheid, no guharanira agateka ka zina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG