Uko wahagera

Igisirikare muri Iraki cemanze ko cakoresheje Inguvu ku Biyerekana


Reta Zunze Ubumwe za Amerika zisaba Iraki gutanga umuco ku baguye mu myiyerekano yo gusaba impinduka mu bisata bitandukanye yari imaze iminsi muri ico gihugu. Bivugwa ko abarenga ijana ari bo baguye muri iyo myiyerekano yakomerekeyemwo abarenga 6000.

Igisirikare ca Reta cemanze ko cakoresheje inguvu mu myiyerekano yo ku wa mungu no ku wa mbere yaguyemwo 13. Abategetsi bavuga ko bigoye ariko kumenya abamijaguye amasasu mu biyerekanye ku yindi minsi.

Hagati aho, amakuru ava muri Iraki avuga ko agahengwe kagarutse uno munsi mu bisagara bitandukanye birimwo umurwa mukuru Bagdad, amashure yari yugawe yongera kugururwa co kimwe n’imirimo ya Reta.

Ishirahamwe ryigenga rikorera mu vy’ubuhinga bwa none muri Iraki, NetBlocks, ryavuze ko naho agahengwe kagarutse mu bice bitari bike intereneti itariko irakora, ibiriko bituma abamenyeshamakuru muri ico gihugu badashobora gutangaza amakuru akwiye ku ruhagarara ruhari. Reta yirinze kugira ico ivuga kw’ihagarikwa rya interineti.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG