Uko wahagera

Imyiyerekano muri Iraki Imaze Guhitana 19 Ikomerekeramwo 800


Polisi ya Iraki yashwiragije ikoresheje ivyuka vyokera n’amasasu mu banyagihugu bazindutse mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi buhari bagiriza ibiturire, ibura ry’akazi mu bakiri bato, ubukene muri rusangi, ikena ry’amazi meza n’amatara.

Iyo myiyerekano yatanguye ku wa kabiri imaze guhitana 19 ikomerekeramwo abagera ku 800 nkuko amakuru ava muri Iraki avyemeza.

Uno munsi ku wa kane ibice bitari bike vy’ico gihugu vyari vyaciwemwo intereneti, hongera hasohoka itegeko ry’amasaha ata munyagihugu abwirizwa kurenza akiri mw’ibarabara. Vyabaye ngombwa ko ubuzi butari buke buhagarikwa.

Imyiyerekano muri Iraki ntimenyerewe. Abayikora bagwiriyemwo urwaruka bavuga ko barambiwe n’ingene ibisata bitandukanye vya Reta «bitunganije nabi ». Ni imyiyerekano ata shirahamwe canke uwundi murwi kanaka uravuga ko ariwo wayihamagaje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG