Uko wahagera

100 Baramaze Gupfira mu Myiyerekano muri Iraki


Umusirikare wa Iraki ariko arahungishwa abariko baramukubira bari mu myiyerekano i Baghdad, kw'itariki 30/10/2019.

Abategetsi ba Iraki bashikirije ko bazohana uwo wese mu bajejwe umutekano yitwaye nabi mu kuburizamwo imyiyerekano yiyamiriza reta.

Mw’ijoro ryo kuw’Imana, abantu 13 barishwe mu gutana mu mutwe kwabaye hagati y’abajejwe umutekano n’abari mu myiyerekano.

Kuva iyo myiyerekano itangura, haraheze hafi indwi, abantu barenga 100 baramaze kuhasiga ubuzima, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati.

Iyo myiyerekano ku murwa mukuru Baghdad hamwe no mu bindi bisagara mu bumanuko bwa Iraki yatanguye abanyagihugu basaba kuronswa ubuzi, amazi n’umuyagankuba hamwe no guhagarika ibiturire rwasinzikaje ico gihugu gitunze ibitoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG