Uko wahagera

Ibikorwa vya Kidiplomasiya vya USA muri Afuganistani Vyimuriwe Qatar


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Joe Biden
Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Joe Biden

Inyuma y’umusi umwe Reta zunze ubumwe z’Amerika zivanye akarenge muri Afuganistani, Prezida Joe Biden kuri uno wa kabiri arashikiriza ijambo amakungu n’abanyamerika.

Prezida Biden mu butumwa bugufi bw’ejo ku wa mbere, yavuze ko ijambo ryiwe riza gushimikira ahanini ku gusigura icamutumye afata ingingo yo kutongereza ikiringo co kugumiza abasirikare b’Amerika muri Afuganistani inyuma y’insango ntabanduka yo kubatahana.

Isango ryo kuvana abasirikare bose b’Amerika muri Afuganistani Prezida Biden yari yarashinze ryari uno musi itariki ya 31 ukwezi kwa munani.

Hari haheze indwi zitari nke Biden na bamwe mu bari muri Reta yiwe barabira hamwe niba ari ngombwa ko itariki y’uno munsi yo kwegezwa inyuma mu ntumbero yo gutahukana abanyamerika bari muri Afuganistani, no guhungisha abanyagihugu benshi b’ico gihugu bashoboka.

Prezida Biden mu butumwa bwiwe bw’ejo, yabandanije avuga ko ahanuwe n’indongozi z’intwazangabo ziwe yasanze ari ngombwa kutongereza ico kiringo, mu ntumbero yo gukingira ubuzima bw’ingabo z’Amerika n’abasivile bipfuza kuva muri Afuganistani. Ku bwa Biden, abatalibani baremeye kuzokingira umutekano w’igihugu cabo, gutyo agasanga batabikoze bazobwirizwa kubibazwa.

Jenerali Kenneth McKenzie, arongoye ibiro vya gisirikare muri Amerika nawe yabwiye abamenyeshamakuru ko naho Amerika yavanye akarenge muri Afuganistani, itakuyeyo abantu bose yipfuza kuvanayo: Abanyamerika batashoboye gushika ku kibuga c’indege ngo batahukanywe n’indege ya nyuma nkuko uwo mutegetsi abandanya kuvuga bari munsi 200.

Abo Amerika yahunganye muri rusangi nabo ni abasivile ibihumbi 79 barimwo abanyamerika ibihumbi 6. Amakungu muri rusangi arimwo n'Amerika yahungishije abasivile ibihumbi 123 mu misi 18.

Inyuma y’amasaha make Amerika isozereye ibikorwa vyayo muri Afuganistani, abatalibani berekanye ama videwo yabo bariko barasa amasasu mu kirere ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru, Kabul. Bavuze ko babikoze kugira berekane akanyamuneza kabo.

Hagati aho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yavuze ko guhera uno musi ibikorwa vya kidiplomasiya vyose vy’Amerika muri Afuganistani vyimuriwe i Doha ku murwa mukuru wa Qatar.

Blinken yabandanije asigura ko bivanye n’ingene abatalibani bazokwitwara n’uko umutekano uzoba umeze, ambasade y’Amerika i Kabul muri kazoza ishobora kuzosubira kugurura. Abatalibani bari basavye Amerika n’ibindi bihugu vyo mu burengero kugumiza za ambasade zavyo i Kabul, bemeza ko bazozicungera umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG