Uko wahagera

Amerika Yarangije Ibikorwa vya Gisirikare muri Afuganistani


Indege y'igisirikare ca Amerika, igurutse ku kibuga c'indege i Kabul, kw'itariki ya 30/08/2021
Indege y'igisirikare ca Amerika, igurutse ku kibuga c'indege i Kabul, kw'itariki ya 30/08/2021

Reta zunze ubumwe za Amerika yararangije imyaka 20 iheze yari muri Afuganistani.

Umutegetsi akomeye w’Abatalibani yabwiye Ijwi ry’Amerika ko indege za nyuma z’igisirikare ca Amerika zavuye ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Kabul inyuma ya sasita y’ijoro kuwa 31 z’ukwezi kwa munani.

Ibi Abatalibani babivuze perezidanse ya Amerika White House hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bemeye ko bazobandanya gufasha guhungisha abanyamerika hamwe n’abandi banyafuganistani babangamiwe gushika baheze.

Perezidanse ya Amerika n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuze mu gatondo ko kuri uyu wa mbere, ko abantu 116 700 bahungishijwe kuva aho Abatalibani bafatiye Afuganistani mu ntango z’ukwezi kwa munani.

Umuvugizi wa Perezidanse ya Amerika, Jen Psaki, yabwiye abamenyeshamakuru ko abanyamerika 6 000 bakuwe muri Afuganistani muri ico gihe, ariko ko hari igitigiri gito kiri musi y’200 kigisigayeyo.

Kuri iyi nkuru nyene kuri Afuganistani, Reta zunze ubumwe za Amerika yararangije ibikorwa vyayo vya kidipolomasiya i Kabul, ica yimurira ivyo bikorwa muri Qatar. Ibi vyavuzwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire Antony Blinken. Yavuze kandi ko kongres ya Amerika igiye kumenyeshwa iyi ngingo. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG