Uko wahagera

Abatalibani Bishimiye ko Abasirikare b'Amerika Bavuye muri Afuganistani


Talibans take Afghanistan 10
Talibans take Afghanistan 10

Abatalibani bazindutse barigina ugutahuka kw’abasirikare b’Amerika bari bamaze imyaka irenga 20 bari muri Afuganistani kugarukana amahoro. Bavuze ko ugutaha kw’abanyamerika n’izindi nteko mvamakungu vyobera icirwa gikomeye ikindi gihugu cose coshaka “kwivanga mu vy’Afuganistani.”

Umuvugizi mukuru w’abatalibani, Zabiullah Mujahid, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Kabul, yakeje abanyafuganistani ababwira ko ugutaha kw’Amerika ari intsinzi ikomeye ku gihugu, yongera ashimangira ko ubutegetsi bwa gitalibani bwipfuza kuzogira imigenderanire myiza n’amakungu arimwo Amerika.

Nta vyinshi yavuze ku migambi igiye gukurikira mu vy’intwaro n’umutekano. Gusa yasavye bagenzi biwe bari bamukikuje atanga ico kiganiro kuzorongora neza abanyafuganistani agira ati: “Abanyagihugu bakwiye gutwarwa neza!” Yibukije kandi bagenzi biwe ko ari abashumba b’abanyagihugu, gutyo ko batobatwaza igitugu.

Abatalibani bemeye ko ikibuga c’indege co ku murwa mukuru Kabul vuba kigiye gusubira kugurukirako indege zikora ubudandaji. Hari ariko ivyinshi vyononekaye kuri ico kibuga igihe abanyagihugu barondera guhunga ku bwinshi bizorinda kubanza gusanurwa kuri ico kibuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG