Uko wahagera

Ibiganiro ku Matati y'Uruzi Nil Ntaco Vyavuyemwo


Ahari Urugomero ruteye ikibazo
Ahari Urugomero ruteye ikibazo

Ibiganiro vy'impande 3 ku rugomero rw'amazi ku ruzi Nil ntaco vyashitseko ku murwa mukuru wa Republika ya Demokrasi ya Congo, Kinshasa. Ibihugu vya Misiri na Sudani, ejo ku musi wa kabiri, vyaratangaje ko incuro iheruka y’ibiganiro n’igihugu ca Etiyopiya ku rugomero rw’amazi ku ruzi Nil vyarangiye ata kintu kiboneka cumvikanyweko.

Misiri ifise ubwoba ko urwo rugomero ruzogeramira amazi y’uruzi Nil ikoresha, mu gihe Sudani ifise impungenge ku mazi aca mu ngomero zayo. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Sudani, Mariam al-Sadig al-Mahdi, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri ko kuba Etiyopiya iguma ifata ingingo ata rundi ruhande igishije inama biciye kubiri n’amategeko mpuzamakungu.

Umushikiranganji ajejwe amazi muri Sudani amenyesha ko ivyo bizotuma igihugu ciwe gifata ingingo zose zishoboka kugira gikingire umutekano waco n’uw’abanyagihugu bayo.

Inyuma y’ibiganiro vy’i Kinshasa, abategetsi ba Etiyopiya batangaje ko igikorwa c’ukwuzuza amazi mu rugomero rw’amazi rw’ico gihugu ku ruzi Nil mu kiringo c’umwaka ugira kabiri kizorangurwa nk’uko bitegekanijwe. Batangaje ko bazokworohereza bakongera basangire n’izindi mpande amakuru ku vyerekeye ico gikorwa.

Imbere y’uko ibiganiro bitangura, igihugu ca Misiri cari catangaje ko kari akaryo ka nyuma ko gusubira gutanguza ibiganiro imbere y’uko Etiyopiya itangura kwuzuza amazi mu rugomero rwayo mu kiringo c’umwaka ugira kabiri yikwirikiranya, inyuma y’uko imvura isubiye kurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG