Uko wahagera

Uganda: Reta Yoba Igiye Kwisubirako ku Matagisi y'Imbuga Ngurukanabumenyi?


Abategetsi ba Reta y’igihugu ca Uganda bazosubira kwihweza amatagisi kw’ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi. Ivyo vyatangajwe, uno musi ku wa gatatu, n’umushikiranganji wa mbere wa Uganda, Ruhakana Rugaunda. Ni inyuma y’imyiyerekano y’ukwiyamiriza iyo ngingo yasambuwe n’igipolisi cakoresheje insoro z’ukuri n’imyuka ibabaza mu maso.

Umushikiranganji wa mbere wa Uganda, Ruhakana Rugaunda, yabwiye Inama nshingamateka ko Perezida, Yoweri Museveni, yasavye ko haba ibindi biganiro ku matagisi kw’ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi yarwanijwe bikomeye cane.

Rugunda yatangaje ko Reta iriko irihweza ivyerekeye ayo matagisi yisunze impungenge z’abanyagihugu. Integuro ihinyanyuwe y’itegeko ryerekeye amatagisi kw’ikoreshwa ry’imbuga ngurukanabumenyi izoharirwa kw’italiki 19 z’uku kwezi kw’indwi.

Kuva mu ntango z’uku kwezi kw’indwi, imbuga ngurukanabumenyi nka WhatsApp, Facebook na Twitter hamwe n’izindi mbuga nka Tinder na Grinder, zarazibiwe kiretse abashaka gukoresha izo mbuga barishe amatagisi y’agaciro k’amashilingi 200 ku musi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG