Uko wahagera

Urugamba rwo Kurwanya Amakori kuri WhatsApp muri Uganda


Terefone yerekana zimwe mu mbuga ngurukanabumenyi zikunzwe gukoresha

Inyuma yaho Reta ya Uganda yemereje kuri uno wa Mungu itegeko ritoza amakori ku bakoresha imbuga ngurukanabumenyi nka WhatsApp, Twitter, Viber, Facebook na Instagram, abashikirizwamanza b’Abaganda bavuze ko biteguriye kurirwanya.

Iryo tegeko rishasha rivuga ko umuntu wese akoresha izo mbuga haba mu gusangira ivyiyumviro, guhanahana amakuru canke ukwiryohera ategerezwa kuzokwama ariha amadolari abiri ku kwezi.

Ibitangaza makuru vyo muri Uganda bitangaza ko iro tegeko rikimara gushirwa mu ngiro, Abaganda batari bake batashoboye gukoresha izo mbuga.​

Bumwe mu Butumwa Burungikirwa Abo vyanse ko bakoresha imbuga zitandukanye
Bumwe mu Butumwa Burungikirwa Abo vyanse ko bakoresha imbuga zitandukanye

Perezida wa Udanga Yoweri Museveni mu kwezi kwa gatanu yavuze ko iryo tegeko ryemejwe rizofasha kurwanya urusaku, n’ibinyoma vyuzuye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abatavuga rumwe na reta bavuze ko iryo tegeko ritoza amakori ku bakoresha imbuga ngurukana bumenyi rije ata kindi rigamije atari ukubabuza gushikiriza ivyiyumviro bisanzuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG