Abanyepolitike, Abanyamadini, abagore hamwe n’abandi barunze urunani rw’Abaganda basaba ejo kuwa kabiri ihagarikwa ry’amatagisi agiye kuzotozwa na reta ku batumatumanako bakoresheje ubuhinga bwa Social media, mu kuvuga ko reta ishira imbere kwongereza amafaranga yinjiza kugira ihoze abashikiriza ivyiyumviro vyabo.
Ku musi w’Imana, ikigo ca reta muri Uganda kijejwe kugenzura itumatumanako carahagaritse guhanahana ubutumwa hakoreshejwe WhatsApp, Facebook na Twitter, ndetse n’abakoresha izo mbuga mu kureshanya, kiretse barishe amashilingi 200 y’Ubuganda.
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, David Bahati yashikirije ejo kuwa kabiri ko ayo matagisi azofasha mw’iterambere ry’igihugu.
Perezida Yoweri Museveni, asanzwe akoresha Twitter cane kandi akurikirwa n'abanywanyi benshi, mu ntango z’uyu mwaka yasavye ko ayo matagisi yotozwa kugira bahagarike amajambo y’insaku ashikirizwa biciye kuri izo mbuga.
Iyo ngingo abatavugarumwe n’ubutegetsi bavuga ko izo nsiguro zidafashe kugira ingingo nk’iyo ifatwe.
Abadashigikiye ayo matagisi, biyise “urwaruka rw’Abanganda” bagabishije kuri uyu wa kabiri ku mugihe hoshika ku musi wa gatanu iyo ngingo itarahagarikwa bazohamagarira igihugu cose kuyirwanya.
Facebook Forum