Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru Bizosubukurwa


Perezida wa Amerika Donald Trump na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru
Perezida wa Amerika Donald Trump na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru

Imishikirano hagati ya Koreya ya Ruguru na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku biganiro bigamije ihagarikwa ry’ihingurwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri izongera gutangura ku wa gatandatu.

Icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire ya Koreya ya Ruguru n’ayandi makungu, Choe Son Hui yemeje aya makuru yabwiye ikinyamakuru ca Reta muri ico gihugu, KCNA, ko imishikirano yibanze izotangura ku wa gatanu, ku wa gatandatu hakaba ibikorwa vyiyaguye.

Uwo mutegetsi yavuze ko Koreya ya Ruguru yiteguriye kuganira na Amerika kandi yizera ko imishikirano yo kuri uno wa gatandatu izonagura imigenderanire hagati ya Amerika na Koreya. Ntiyavuze yamara aho iyi mishikirano izobera.

Ibiganiro kw’ihagarikwa ry’ihingurwa ry’ibirwanisho ruhonyanganda vya nikleyeri hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru bigiye kwongera gutangura inyuma y’amezi umunani vyari bimaze vyarahagaze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG