Uko wahagera

Handicap International Iteganya Guhagarika Gukorera mu Burundi


Ikimenyetso c'ishirahamwe Handicap International

Ishirahamwe mpuzamakungu, Handicap International, rikorera mu bisata bitandukanye vy’abagendana ubumuga ryatangaje ko rigiye kwimura ibiro vyaryo mu Burundi bikajanwa mu kindi gihugu bitatangaje. Atari uko naho, rikugara burundu ivyo biro.

Mw’itangazo Handicap International yashize ahabona kuri uno wa gatatu yasiguye ko mu kwezi kwa cumi na rimwe iryo shirahamwe ryarungikiye Reta y’Uburundi dosiye irimwo ivyo yayisavye mu ntumbero yo kwemererwa kubandanya ikorera muri ico gihugu. Mu nyuma, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwishuye buvuga ko iyo dosiye ituzuye.

Inyuma y’iyo nyishu, Handicap International yemeza ko yagerageje incuro zibiri gusaba umubonano muri ubwo bushikiranganji mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo. Yamara, ata nyishu n’imwe iryo shirahamwe ryaronse.

Ijwi ry’Amerika ryabajije umupfasoni, Diana Vanderheyde, ajejwe gutanga amakuru muri Handicap International mu Bubirigi ahari icicaro c’iryo shirahamwe ico Reta yavuze ko kibuze muri dosiye yabo. Yatwishuye ko ico kibazo ataco bokivugako ubu, ibindi bategekanya kubitangaza inyuma y’itariki ya 31 uku kwezi.

Mu kwezi kwa cumi Uburundi bwahagaritse amashirahamwe mpuzamakungu yose yigenga buyasaba kwubahiriza ingingo zimwe zimwe. Muri izo, harimwo itangwa ry’akazi hisunzwe ibice 40 kw’ijana vy’abatutsi na 60 kw’ijana vy’abahutu, no kubika amafaranga y’agaciro bakoresha mw’ibanki nkuru y’igihugu, BRB, ariko bakayabikuza mu marundi.

Ingingo y’ishirahamwe Handicap International rikorera mu Burundi kuva mu 1992 ije inyuma yaho ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe, Avocats Sans Frontières, ritangarije ku wa mbere ko rizokwugara burundu ibiro vyaryo mu Burundi kw’igenekerezo rya 31 ukwezi kwa 12 uno mwaka.

Iryo shirahamwe ryasiguye ko ivyo basabwe na Reta harimwo ugutanga akazi hisunzwe ibice 40 kw’ijana vy’abatutsi na 60 kw’ijana vy’abahutu atavyo bashobora kwubahiriza kuko biciye kubiri n’amategeko kandi binyuranye n’akarangamutima k’umwuga wabo.

Hambavu y’amashirahamwe mpuzamakungu yahagaritswe gukorera mu Burundi kuva mu kwezi kwa cumi, ico gihugu categetse mu ntango z’uku kwezi kwa cumi na kabiri iyugarwa ry’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu.

Ku rundi ruhande, Reta zunze ubumwe z’Amerika ejo ku wa gatatu zatangaje ko zitewe impungenge n’iyugarwa ry’ivyo biro. Icegera c’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika mu gisata kijejwe Afurika, Tibor Nagy, yasiguye ko ivyo biro bitari kwugarwa mu gihe hacibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka muntu n’iyugarwa ry’urubuga rwa politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG