Uko wahagera

Uburundi Bwategetse ko Ibiro vya ONU vy'Agateka ka Muntu Vyugarwa


Komiseri mukuru w'ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu
Komiseri mukuru w'ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu

Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwugara ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu muri ico gihugu.

Icegera c'uwuvugira umukuru w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu, Ravina Shamdasani, mu kiganiro yahaye Ijwi ry'Amerika kuri terefone ari i Geneve mu Busuwisi yemeje ikete ribamenyesha iyo ngingo ryabashikiriye ejo ku wa gatatu.

Madamu Shamdasani yavuze ko ata vyinshi bovuga kuri iyo ngingo imbere y'uko batangura kuvugana na Reta y'Uburundi. Mu majambo yiwe yagize ati :"Reka turabe iyo bija ariko birababaje kuko twari tugifise vyinshi dushaka gukora mu ntumbero yo guteza imbere ivy'agateka ka zina muntu mu Burundi."

Umwe mu bakorera ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu atashimye ko amazina yiwe amenyekana yabwiye itororokanirizo ry'amakuru y'Abafaransa AFP ko ikete ribamenyesha iyo ngingo ryarungikiwe, Garry Conille, ibikorwa vya ONU mu Burundi kuri uno wa gatatu.

Uwo mukozi mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yemeje ko muri rusangi abakozi mva makungu bagera kuri cumi bategetswe guca bakura meza bagasubira iwabo mu gihe ibiro vyose vyahawe amezi abiri atarenga bikaba vyugawe.

Iryo soko rya AFP muri ONU ryavuze ko bibabaje kubona Reta y’Uburundi ikomeje guhangana n’amakungu no gutakaza icizere cayo mu makungu gusumba. Ku bw’uwo mukozi wa ONU, hari ibimenyesto ntamusiga vyerekana ko Reta iriko irakumira ivyabona vyose vy’amabi akorerwa muri ico gihugu. Yavuze ko bibabaje kubona inyuma yo kwifatira mu gahanga umuryango w’akarere ka Afurika y’ubuseruko mu gusiba inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango ubu naho batandukiriye ONU.

Naho Reta y’Uburundi ataco iravuga kuri iyo ngingo, mu gatondo k’uno wa kane ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwasibije ikiganiro cari gitegekanijwe ku banyamakuru. Ntibiramenyekana nimba ivy’iyo ngingo vyari mu bivugirwa muri iyo nama.

Reta y’Uburundi yari yahagaritse gukorana n’ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu 2016 ivyagiriza gukorana n’abayigwanya mu kwandika ivyegeranyo vyagiriza Uburundi guhonyanga agateka ka zina muntu “vyuzuye ibinyoma”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG