Uko wahagera

Abahinga ba ONU Bongewe Ikiringo co Gutohoza ku Burundi


Abagize umurwi wa ONU utohoza ku Burundi
Abagize umurwi wa ONU utohoza ku Burundi

Akanama ka ONU kajejwe ivy'agateka ka zina muntu kuri uno wa gatanu kafashe ingingo yo kongera ikiringo c’umwaka umwe abahinga ba ONU bajejwe gukora amatohoza ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 2015.

Ku bihugu bigize ako kanama, 23 ni vyo vyemeje iyo ngingo birimo n'u Rwanda. Ibihugu birindwi birayihakana, naho 17 ntaco babivuzeko.

Urutonde rw'ibihugu vyagize ico bivuga kuri iyo ngingo
Urutonde rw'ibihugu vyagize ico bivuga kuri iyo ngingo

​Reta y'Uburundi ataco iravuga kuri iyo ngingo kugeza ubu. Ariko mu ntango z’ukwezi kwa cenda, umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko icegeranyo c’uwo murwi ata gaciro Reta igiha. Ico ni igihe uwo murwi washira ahabona icegeranyo cagiriza ku ncuro ya mbere Perezida Pierre Nkurunziza n’umugambwe uri ku butegetsi gukoresha amajambo acanishamwo,

Inyuma y’ico cegeranyo, Reta y’Uburundi yandikiye abo bahinga ibamenyesha ko ata burenganzira bwo kongera guhonyoza ikirenge mu Burundi bafise.

Umurwi wa ONU utohoza ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 2015 washinzwe mu kwezi kw’icenda 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG