Uko wahagera

Burundi: Abakozi Batatu ba IRC Barahagaritswe i Muyinga


Umuryango w'abagiraneza International Rescue Committee
Umuryango w'abagiraneza International Rescue Committee

Abakozi batatu b’ishirahamwe ry’abagiraneza, International Rescue Committee, rifise icicaro gikuru muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bahagaritswe mu Burundi.

Abo bakozi bahagaritswe ejo ku musi wa gatatu mu burengero bw’Uburundi. Bagirizwa ko baciye kubiri n’ingingo yafashwe na Reta kw’italiki imwe y’uku kwezi kw’icumi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu, Pierre Nkurikiye, avuga ko igipolisi mu ntara ya Muyinga cafashe abo bakozi batatu b’ishirahamwe, International Rescue Committee, bari ku kazi. Uwo muvugizi asigura ko bose bariko bakora ata ruhusha rudasanzwe bahawe, kandi ko bariko barasambishwa muri iki gihe.

Ishirahamwe bakorera, International Rescue Committee, ntaco ryashatse kuvuga kw’ihagarikwa ryabo.

Urwego rujejwe umutekano mu gihugu, rwafashe, mu mpera z’ukwezi kw’icenda, ingingo y’uguhagarika mu kiringo c’amezi atatu amashirahamwe yose y’abagiraneza y’abanyamahanga akorera mu Burundi. Gushika ubu, amashirahamwe 4 ku mashirahamwe 130 y’abanyamahanga akorera mu Burundi ni yo amaze kwubahiriza ibisabwa na Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG