Uko wahagera

Gineya: Abatembagaje Ubutegetsi Bagiye Gushinga Reta Mfatakibanza


Muri Gineya abasirikare bafashe ubutegetsi bagatesha agaciro ibwirizwa shingiro rihari, biyemeje gushinga reta mfatakibanza.

Itangazo ry’uko hagiye gushinga reta mfatakibanza ryashikirijwe mu nama yabaye hagati y’abasirikare n’abategetsi bari basanzwe muri reta ya Prezida Alpha Conde. Conde ubu ari mi minwe y'abamukuye ku butegetsi kuva ku musi wa mungu.

Umusirikare mukuru yafashe ubutegetsi, Mamady Doumbouya, akaba kandi umuyobozi mukuru w’umurwi w’ubumwe n’iterambere CNRD avuga ati: Twipfuza ko ibikorwa vyo gutunganya reta mfatakibanza bikorwa mu kwizera Gineya nshasha y’ubumwe n’iterambere. Doumbouya yongeye avuga ati: "nta guhiga canke gufata abategetsi bakuwe bagasubirizwa n’abasirikare mu gihe ca kudeta, bizoba."

Abasirikare batembagaje ubutegetsi bavuga ko Alpha Conde w’imyaka 83 ata kibi bamukoreye kandi ko abandanya kuvugana n’abaganga biwe.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze, ni ho Prezida Conde yatsindira ikiringo ca gatatu mu matora y’umukuru w’igihugu, inyuma y’aho ahinduriye ibwirizwa shingiro kugira ashobore kwongera kwitoza. Ayo matora yatumye haba imyiyerekano igizwe n’uruhagarara mu gihugu cose.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, Ubufaransa, n’ibihugu bigize ubutunzi bw’Afrika y’uburengero, CEDEAO, baranebaguye iyo kudeta yo muri Gineya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG