Uko wahagera

Kabuga Felisiyani Yagejejwe mw’Ibohero rya ONU mu Buholandi


Amafoto ya Kabuga Felicien
Amafoto ya Kabuga Felicien

Umunyemari w'Umunyarwanda, Kabuga Felisiyani, akekwaho ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu 1994 mu Rwanda yagejejwe mw’ibohero rya ONU riri i La Haye mu Buholande.

Ivyo bitandaganzwa n’urugereko rwasubiriye urukiko rwa TPIR rwahoze rucira imanza abagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko mu Rwanda ruri i Arusha muri Tanzaniya.

Itangazo ryahawe umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika rivuga ko Kabuga yagejejwe mw’ibohero kuri uyu wa mbere akuwe mu gihugu c’Ubufaransa, aho yafatiwe mu kwezi kwa 5 uyu mwaka

Urwo rukiko rwemeza ko urubanza rwa Kabuga ruzoburanishwa vuba. Rwaheruka gufata ingingo yo kumuburansihiriza i La Haye kubera amagara amukitse, aho kujanwa i Arusha muri Tanzaniya.

Umutama w’imyaka 87, Kabuga yafatiwe i Paris mu Bufaransa mu kwezi kwa 5 guheze. Aregwa ivyaha vya Jenoside yakorewe Abatutsi, kuba ari we yatanze uburyo bwose bwakoreshejwe. Yafashwe amaze imyaka irenga 25 aronderwa.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG