Uko wahagera

Etiyopiya Yagiriza USA "Gukwiragiza Amakuru y'Ibihuha ku Ntambara"


Leta ya Etiyopiya iragabisha Reta zunze ubumwe za Amerika kudakwiragiza amakuru atari yo ku ngwano iriko ibera muri ico gihugu. Uko kugabisha vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, inyuma yuko ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bugabishije ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba.

Kebede Dessisa yasiguye ko Reta ya Amerika yotegerezwa kwirinda gukwiragiza amakuru agayitse y’ibinyoma kandi acafuza igihugu ciwe. Yatanze akarorero k’ivyatangajwe na ambasade ya Amerika muri Etiyopiya ku musi wa gatatu vyashizwe ku rubuga Twitter bisaba abanyamerika kuba magabo kubera ibitero vy’iterabwoba bishobora kuba muri ico gihugu.

Mu ntango z’uku kwezi, abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye ku murwa, Addis Abeba kugira bashigikire reta. Biyamirije Reta zunze ubumwe za Amerika ku vyo bavuga ko zivanze mu bibazo vy’igihugu cabo.

Uno musi ku wa kane, abantu batari bake bari mu myiyerekano bafise ishavu bakoraniye imbere ya ambasade ya Amerika ku murwa mukuru, Addis Abeba, aho berekanye inyandiko zivuga ko kwivanga mu bibazo vy’ikindi gihugu biciye kubiri na demokrasi, bongera bavuga ko ukuri kuzoruhira gutsinda. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG