Uko wahagera

DRC: ADF Yagirizwa Kwica Abanyagihugu Barenga 30


Zimwe mu Modoka Zaturiwe na ADF
Zimwe mu Modoka Zaturiwe na ADF

Abantu batari musi ya 30 barahitanywe n'ubwicanyi bwagirijwe intagondwa z'abayislamu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo.

Abaserukira amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu badoma urutoki ku murwi, “Allied Democratic Forces”, ADF, mu mpfunyapfunyo, kuri ico gitero cabaye ku musi wa gatandatu mu ntara ya Ituri.

Umwe mu basivile bafashije mu kurondera ibiziga vy’abapfuye avuga ko benshi mu bishwe batemaguwe n’imipanga canke barashwe. Ibiziga vy’abishwe ku musi w’Imana vyajanywe mu bibanza bibikwamwo abapfuye vy’agateganyo mu bitaro biri hafi y’ahabereye igitero co ku musi wa gatandatu.

David Beyza Katabuka, ayoboye ishirahamwe rijejwe gutabara, Croix Rouge, mu karere ka Ituri yatangaje ko atashoboye kurungika abaza gushingura abapfuye kubera impamvu z’umutekano hamwe n’ukutagira ibikoresho bihagije bigenewe ico gikorwa.

Reta zunze ubumwe za Amerika ivuga ko ADF ari umurwi w’iterabwoba, wagirizwa ko ukora ubwicanyi bukabije kurusha iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho irangwa mu karere ko mu buseruko bwa Congo.

Kuva mu kwezi kwa gatanu, intara za Kivu yo mu burarurko na Ituri zarageramiwe n’ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho. Igisirikare n’igipolisi vyasubiriye abategetsi b’abasivile mu gihe biriko birwanya imirwi yitwaje ibirwanisho.

Mu mpera z’ukwezi kwa gatanu, abantu barenga 50 barishwe ku musi umwe muri ako karere mu gitero cabaye mu mihana y’ahantu habiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG