Uko wahagera

RDC: Abashika 19 Barishwe n'Abakekwa kuba ADF muri Kivu


Umuryango w'umugore yishwe n'abarobeli ba ADF muri Beni.
Umuryango w'umugore yishwe n'abarobeli ba ADF muri Beni.

Abantu bakekwa kuba intagondwa zigendera ku vyiyumviro vya kiyisilamu barishe abantu bashika 19 mu buraruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo, nkuko vyavuzwe n’abategetsi bo muri ako karere.

Abo bategetsi bavuze ko abo bicanyi basambuye amazu bongera barayaturira mu mihana ya Kasanzi-Kithovo hafi y’ishamba ry’iratiro rya Virunga mu ntara ya Kivu y’uburaruko mw’ijoro, hagati yo ku musi wa gatanu n’uwa gatandatu.

Nta muhari uriyitirira ubwo bwicanyi, ariko umuhari ADF ni wo ukunze kugaba ibitero bihitana abantu muri utwo turere.

Reta yatangaje ubutegetsi bw’abasirikare mu buraruko bw’intara ya Kivu y’uburaruko na Ituri mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, itumbereye guhasha ubwicanyi igisirikare cegeka kuri ADF.

Ariko abasivile bicirwa muri ivyo bitero bariyongereye kuva ico gihe, nkuko ishirahamwe ryo muri Kivu rikurikirana ivy’umutekano mu buseruko bwa RDC ribivuga. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG