Uko wahagera

Bane Bishwe Abandi Baranyuruzwa mu Buseruko bwa RDC


Abasirikare ba RDC n'inteko za Monusco mu bikorwa vyo gukizura hafi ya Oicha, ku birometero 30 uva i Beni
Abasirikare ba RDC n'inteko za Monusco mu bikorwa vyo gukizura hafi ya Oicha, ku birometero 30 uva i Beni

Abakekwa kuba abarwanyi b’umuhari ADF bishe abantu bane bongera baturira imodokari 14 barimwo zari ziherekejwe n’abasirikare kuri uyu wa gatatu mu ntara ya Ituri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Igisirikare kivuga ko hanyurujwe abatari bake ariko ko kimaze kubohoza 50 kandi kikiriko kirarondera abandi.

Ico gitero cabereye hafi y’igisagara Ofai, nkuko vyashikirijwe n’ishirahamwe rifise icicaro muri Amerika rikurikiranira hafi ibijanye n’umutekano mu ntara ya Kivu. Iryo shirahamwe ryavuze ko ico gitigiri c’abantu bane bishwe kikiri ic’imfatakibanza.

Umuhari ADF, uwo Amerika yashize mu mirwi y’iterabwoba, uzwi kuba wariyahe inkumbi mu kwica abantu benshi mu buseruko bwa Kongo, ahagwiriye ubutare.

Izo modokari zari ziherekejwe n’inteko za MONUSCO zagiye kubungabunga amahoro n’umutekano hamwe n’igisirikare ca RDC, nkuko vyavuzwe n’umutegetsi wo muri Sosiyete sivile muri ako karere, Dieudonne Malangayi. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG