Uko wahagera

Donald Trump na Joe Biden Barahangana mu Kiganiro Cabo ca Mbere


I bubamfu, ni Joe Biden azohagararira abademokrate. I buryo, ni Donald Trump azohagararira abarepublikani.
I bubamfu, ni Joe Biden azohagararira abademokrate. I buryo, ni Donald Trump azohagararira abarepublikani.

Perezida Donald Trump azohagararira abarepublikani mu matora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe aha muri Amerika, na Joe Biden azohagararira abademokarate muri ayo matora nyene, kuri uno wa kabiri mw'ijoro barahangana mu kiganiro baza gukora bahatwa ibibazo.

Ico kiganiro kiza kuba imbonankubone muri Reta ya Ohio mu gisagara ca Cleveland kiza kumara iminota 90. Umumenyeshamakuru Chris Wallace akorera Televiziyo Fox News aza kuba agihagarariye yavuze ko aza kubaza ibibazo bigizwe n’ingingo zitandatu: Amadosiye bwite y’abakandida, ibijanye n’ikiza ca Virusi ya Corona imaze guhitana abarenga ibihumbi amajana abiri na bine muri Amerika, igenwa ry’umupfasoni Amy Coney Barret muri sentare nkuru y’igihugu, ubutunzi bw’Amerika bwabangamiwe n’ikiza ca Corona, ivy’ivangurarukoba mu bice bitandukanye vy'Amerika, n’amatora muri rusangi.

Ingingo umumenyeshamakuru Wallace yahisemwo kuza kugarukako muri ico kiganiro ziza imbere mu ziraje ishinga abanyamerika. N'aho hari abagiriza uwo mumenyeshamakuru ko imyumvire yiwe ku kibazo c’ivangurarukoba ishusha nk’iya Trump, avuga ko abakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza inguvu zikoreshwa na polisi ku birabure, ari “abagumutsi”.

Ikindi kibazo gishobora kugarukwako muri ico kiganiro n'ubwo kitari ku rutonde, ni ikijanye n’amatagisi Prezida Trump yoba yaramaze imyaka ishika kuri 10 atariha imbere y’uko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu 2016. Nk'uko biheruka gutangazwa n’ikinyamakuru The New York Times, cavuze ko mu 2016 na 2017 yarishe amatagisi angana n’amadolari y’Amerika 750 mu gihe mu myaka irenga cumi ibanziriza iyo ibiri ata dolari na rimwe yishuye.

Trump yamiriye kure ivyagiriji biri muri iyo nkuru avuga ko ari ikinyoma cambaye ubusa. Uwo bahanganye Biden nawe yuririra aho yumvikanisha ko ico ari ikimenyetso c’uko Trump ata shinga arajwe n’abakozi b’abanyamerika avuga ko arwanira, mu gihe umwigisha wo mu mashure matomato, uwuzimya umuriro, umuforoma, bariha amatagisi arenga igihumbi ku mwaka mu madorali y’Amerika ariko Trump akaba yararishe 750.

Ibiganiro hagati y’abakandida baba bahiganira intebe y’umukuru w’igihugu muri kahise k’Amerika vyarerekanye ko bishobora kugira ico bikora ku myumvire y’abatora. Yamara ic’uno munsi, amatohoza afatiye ku babajijwe yerekanye ko ibice 90 kw’ijana vy’abanyamerika bazi uwo bazotora kandi badateze guhindura.

Mu gihe hari abamaze kuza baratanguye gutora, hari abandi bagisaba kurungikirwa amakarata yo gutorerako mu mihana yabo, mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca virusi ya Corona. Ni uburyo Trump adashigikiye aho asigura ko bushobora gutuma ata muco uba mu matora. Ahatwa ibibazo n'abamenyeshamakuru mu ndwi iheze kuri ico kibazo, yaranse gutomora ko akaramuka atsinzwe azohererekanya ubutegetsi mu mahoro. Yavuze yamara ko bishobora kuzodadanukira mu butungane.

Ikiganiro co kuri uno mugoroba kiza kurabwa ku mateleviziyo n'abanyamerika baharurwa mu mamiliyoni ijana, abaza kugikurikirana imbonankubone bababa ijana. Ni ubwa mbere Donald Trump na Joe Biden baza guhura amaso mu yandi mu kiganiro kibahuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG