Uko wahagera

Trump Ntatomora ko Akaramuka Atsinzwe Azotanga Ubutegetsi


Perezida Donald
Perezida Donald

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Donald Trump yanse gutomora niba azohererekanya ubutegetsi mu mahoro, aramutswe atsinzwe mu matora yo mu kwezi kw'icumi na rimwe uyu mwaka.

Yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru harimwo uwamubajije ico kibazo mw’ijoro ry’ejo ku wa gatatu mu ngoro yiwe, White House, Trump yagize ati: “ Tuzobanza kuraba uko bigenda. Sinshimishwa n’ingene amatora ariko arategurwa. Bisa nk’akajagari.”

Perezida Trump akatari gake yumvikanye avuga ko amatora y’uno mwaka ashobora kutazobamwo umuco bivuye ku banyamerika bazotora barinze kurungikirwa amakarata yo gutorerako mu mihana yabo mu ntumbero yo kwirinda ikiza ca Virusi ya Corona. Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru Trump yashimangiye agira ati: “ Bikazogenda uko, nta bisikanya rizohaba, ubutegetsi buhari buzobandanya.”

Joe Biden ahanganye na Trump, yishura nawe ku bibazo vy’abamenyeshamakuru muri Reta ya Delaware bakamubaza ivyo agona ku majambo ya Trump yabagarukanyeko ikibazo ati “ Turi mu kihe gihugu? Avuga ibintu bitagira ifatiro. Sinzi ico novuga ”

Umusenateri w’umurepublikani Mitt Romney abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yanditse ko “Umushinge nyamukuru wa demokarasi ari uguhererekanya ubutetegtsi mu mahoro. Bitabaye uko, igihugu kikaba kiba kibaye nka Biyerorusiya. Ukuvuga ko Perezida yorenga kw’ibwirizwa nshingiro bisiga ubwenge kandi nta n’uwovyemera”

Hagati aho, ejo ku wa gatatu mu gatondo Prezdia Trump yavuze ko amatora yo mu kwezi kwa cumi na rimwe ashobora kuzodadanurwa na sentare nkuru y'igihugu, gutyo ashimangira ko ari ngombwa ko abagize iyo sentare bosubira gukwira icenda.

Bitegekanijwe ko Perezida Donald Trump atanga izina ry'uwuzosubirira nyakwigendera Madamu Ruth Bader Ginsburg yari muri cenda bagize iyo sentare akaba aheruka kwitaba Imana, bitarenze ku munsi wa gatandatu w’ino ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG