Reta y'Uburundi iragabisha amashirahamwe yigenga ataboneka ku rubuga mu bikorwa vy’iterambere ko mu minsi mikeya agiye gufutwa. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ari na bwo buyajejwe busigura ko ayo mashirahamwe ari ingwizamurongo kuko ataco amariye abanyagihugu.
Martin Ninteretse, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yabivugiye mu Kayanza, mu nama iriko irahuza ubwo bushikiranganji bujejwe amashirahamwe yigenga n’abaserukira ayo mashirahamwe.
Bamwe mu batwara ayo mashirahamwe yigenga baragaya iyo ngingo ahubwo bagasaba ko reta yokorohereza ayo mashirahamwe kugira asubire kunaguka. Ku bwayo mashirahamwe, ubushikiranganji bubagabisha na bwo bufise uruhara mu bituma amwe mu mashirahamwe adakora neza.
Urutonde ruri mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, rwerekana ko amashirahamwe yigenga ahari mu Burundi arenga 6.800.
Umviriza ibindi mu nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru ari i Kigali mu Rwanda.
Facebook Forum