Uko wahagera

Reta y'Uburundi Igabisha Abatozakori Bagirizwa Kunyuruza Amamiriyoni


Gervais Ndirakobuca ni umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi
Gervais Ndirakobuca ni umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi

Mu Burundi, abatozakori bo mu ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura bagirizwa n'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati kuba baranyuruje amamiriyoni arenga 50 mu mezi abiri aheze.

Gervais Ndirakobuca abasaba kuyasubiza mu kigega ca Reta bitarenze ku musi wa mbere w'indwi iza bitagenze uko bagafungwa. Abatemera ko bayatwaye bo yategetse igipolisi kubashira mu gasho. Aba batozakori bari basubiriye abahahora ku ntwaro ya Prezida Pierre Nkurunziza. Abasubiriwe vyari vyagaragaye ko ku ndwi ku ndwi amamiriyoni amajana begerenya atashika mu ku ma konti y'igisagara ca Bujumbura.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza

Abanyuruza Amakori mu Burundi Baragabishwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:29 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG