Uko wahagera

Burundi: Reta Yahagaritse Itozwa ry'Amafaranga ku Bituro vy'Imiduga


Pierre Nkurikiye

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Burundi bumenyesha ko iyi ngingo yafashwe mu rwego rwo kwirinda kuremera abanyagihugu kandi ko aya mafaranga atozwa ahanini yaja mu mifuko y'abantu aho kuja mu kigega ca Reta.

Abahora bayatangishwa bavuganye n'Ijwi ry'Amerika basigura ko bakuweko umuzigo munini cane.

Ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ari naco gisagara kugeza ubu kirimwo imirimo nka yose ya Reta n’amashirahamwe yigenga na mpuzamakungu hatibagiwe za ambassade zose, amashirahamwe y’abashoferi y’imiduga, amapikipiki, imiduga y’amapine atatu izwi nka tuktuk n’amakinga bicishwa amafaraga araharwiriye.

Abakuru bayo bari bamaze imyaka itari mike ari bo batunganya igikorwa co gutorokanya amafaranga asabwa ku bituro, vyaba ivy’imiduga ija mu ntara zitadukanye, canke ikorera mu gisagara honyene.

Hejuru y’aya mafaranga, aya mashirahamwe ni na yo yishingira amande canke ihadabu ricibwa abatubahiriza ingingo.

Ubu, bigiye guhinduka. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati asigura ko iyi ngingo yafashwe mu ntumbero yo kwirinda kuremereza abanyagihugu. Pierre Nkurikiye avuga ko Perezida Evariste Ndayishimiye yafashe iyo ngingo amaze kwemanga ko yasanze n’imiburiburi imiriyaridi zirenga 40 ku mwaka zinyuruzwa mu matagisi n’amakori atozwa mu makomine kubera abantu bikika mu kiza.

Mu gisagara ca Bujumbura honyene naho, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati Gervais Ndirakobuca yemeza ko ku ndwi imwe yasanze hibwa ayarenga imiriyoni 120.

Abanyonzi, abagendesha amapikipiki n’abandi baganiriye n’Ijwi ry’Amerika bariruhutsa.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yahawe amabwiriza ko azicarana n’abatwara aya mashirahamwe y’abunguruza abantu n’ibintu kugira hatunganywe bushasha ukuntu hatozwa amafaranga y’abanywanyi babo.

Mu Burundi, amapikipiki n’amakinga nibwo buryo bwa mbere bukoreshwa mu kwiyunguruza. Mu gihugu cose hari amapikipiki arenga 25,000 mu gihe amakinga acishwa amafaranga arenga 23,000. Ica gatatu cavyo kiri ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura utuwe n’abarenga 700,000

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG