Uko wahagera

Bamwe mu Bamenyeshamakuru ba VOA Barasumweko Urusaku


Kelu Chao atwara vy'imfatakibanza Ijwi ry'Amerika
Kelu Chao atwara vy'imfatakibanza Ijwi ry'Amerika

Ikigo ca guvernema ya Reta Zunze Ubumwe z'Amerika kijejwe ivy'itangazamakuru mpuzamakungu, USAGM, kivuga ko ugusuma urusaku mu materefone y'abamenyeshamakuru no kubiba amabanga bihonyanga ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Ico kigo kibivuze inyuma y'icegeranyo c'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, cagiriza amareta atandukanye kuba yarashize ubumashu mu materefone y'abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu n'abanyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bw'ibihugu vyabo.

Mw'itangazo yasohoye, USAGM yavuze ko yakubiswe n’inkuba yumvise ko abamenyeshamakuru barenga 180 barimwo ab’Ijwi ry’Amerika co kimwe n’aba Radio Free Europe, bitwarwa n’ico kigo, bari ku rutonde rw’abarungikiwe akamashu kiba amabanga mu materefone yabo.

Madamu Kelu Chao atwarwa vy’imfatakibanza USAGM muri iryo tangazo yagize ati: “ Kwiba amabanga y’abamenyeshamakuru biciye mu nzira iyo ari yo yose ni akambaro k’ibara. Ubu bubisha butegerezwa guhagarara bidatevye, umutekano w’abamenyeshamakuru ugakingirwa.”

Akamashu kitwa Pegasus ishirahamwe Amnesty International ryemeza ko kakoreshejwe mu kwiba amabanga y’abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu, abatavuga rumwe na reta z’ibihugu vyabo na bamwe mu bagize amareta atandukanye, kakozwe na Sosiyete yitwa NSO Group yegukira Isirayeri.

Ikimenyeshamakuru candikira muri Amerika, Washington Post, kiri mu runani rwakoze amatohoza ruri kumwe na Amnesty International ni co cemeje ko mu bamenyeshamakuru binjiranywe na Pegasus, harimwo ab’Ijwi ry’Amerika. Ikigo ca Guverenema y’Amerika, USAGM, gitwara Ijwi ry’Amerika cazosereye itangazo ryaco kigira kiti: Ubuhinga bwa none bwari bubwirijwe gufasha abamenyeshamakuru gukora akazi kabo neza ha kubasumako urusaku no kubaburabuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG