Uko wahagera

Amnesty international Isaba EU Kutirukana Abimukira ba Afurika


Migration EU Libya - African migrants boat in the Mediterranean
Migration EU Libya - African migrants boat in the Mediterranean

Ishirahamwe Amnesty international risaba ubumwe bwa Buraya guhagarika politike yabwo yo gusubiza inyuma abimukira bava mu buraruko bwa Afrika. Mu rwandiko iryo shirahamwe ryashize ahabona, risigura ko gusubiza abo bimukira inyuma ari nko kubasubiza mu kuzimu.

Amnesty ivuga ko abantu barenga ibihumbi 82 bahagaritswe, barasubizwa inyuma muri Libiya mu myaka itanu iheze, aho ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryatangura gukorana uwo mugambi na reta ya Libiya.

Benshi muri abo bantu basubizwa inyuma barimwo cane cane abakenyezi n’abana, bashirwa mu bigo vya reta aho bafatwa nabi cane. Barakubagurwa, bagafatwa ku nguvu canke bagakoreshwa ibintu vyinshi batipfuza. Amnesty International ivuga kandi ko abandi mu bafatwa bagashirwa muri ivyo bibanza vya reta, banyuruzwa.

Umuhinga ajejwe ubushakashatsi mw’ishirahamwe Amnesty International, Matteo De Bellis, aratera akamo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’abarigize, guhagarika umugambi wabo, ahubwo bakugurura imbibe vuba bwango kugira abantu ibihumbi n’ibihumbi bugaraniwe muri Libiya bakingirwe n’amakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG