Ibiziga vy’abimukira 28 vyatowe ku nkengera z’amazi mu burengero bwa Libiya, inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu mazi. Ibi vyavuzwe n’umutegetsi mu bajejwe umutekano kuri uyu w’Imana.
Aya makuru avuga kandi ko ishirahamwe ry’abagiraneza Croix Rouge muri Libiya ryatoye n’abandi batatu barokotse mu bice bibiri bitandukanye ku nkengera z’amazi i Al-Alous, ku birometero 90 uva ku murwa mukuru Tripoli.
Ibi biziga bitowe haheze imisi abandi bimukira 160 bapfuye mu rupfu nk’urwo nyene. Ibi bica bishikana ku bantu 1500 bamaze gusiga ubuzima muri ayo mayira atoroshe yo mu mazi gushika aho umwaka ugeze ubu, nkuko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM.
OIM ivuga ko abimukira barenga 30.000 bafatiwe mu mazi muri ico kiringo nyene baca basubizwa muri Libiya.(AFP)
Facebook Forum