Uko wahagera

Abimukira Bane Bapfiriye mu Mazi mu Buraruko bw'Ubugiriki


Abimukira bashika kuri bane bapfuye kuri uyu wa kane igihe ubwato barimwo bwibira mu mazi mw’izinga rya Antikythera, mu buraruko bw’Ubugiriki. Ibi vyavuzwe n’abasirikare bakorera mu mazi muri ico gihugu.

Iryo sanganya ryo kuri uyu wa kane ryakurikiye irindi nk’iryo ryabaye ku musi wa gatatu aho ubundi bwato bw’abimukira bwibiye mw’izinga rya Folegandros buhitana abashika kuri batatu.

Cumi na batatu baratabawe, mu gihe abandi barenga icumi bataramenyekana irengero, nkuko bivugwa n’abategetsi b’Ubugiriki.

Ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu cita ku mpunzi, HCR, kigereranya ko abantu barenga 2.500 bapfuye canke baburiwe irengero mw’ibahari bariko bagerageza kwinjira ku mugabane wa Bulaya kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG