Uko wahagera

Igisirikare ca Tuniziya Catabaye Abimukira 78 muri Mediterane


Umurwi w'abimukira batabawe bashitse ku nkengera zz'amazi ya Tuniziya batabawe i Bizerte, muri Tuniziya
Umurwi w'abimukira batabawe bashitse ku nkengera zz'amazi ya Tuniziya batabawe i Bizerte, muri Tuniziya

Igisirikare ca Tuniziya gikorera mu mazi catabaye abimukira 78 congera gitora umwe yapfuye. Ni inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiriye mu mazi bariko bagerageza kwinjira ku mugabane wa Bulaya. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Tuniziya bwabivuze kuri uyu wa gatatu.

Abo bimukira, bagwiriyemwo abamuka muri Bangladesh na Misiri, bafise imyaka iri hagati ya 12 na 45, bari bandurutse mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri bava i Abu Kammash ku rubibe rw’igihugu kibanyi ca Libiya.

Akajagari k’intambara kamaze imyaka irenga 10 muri Libiya katumye abimukira biheba bagafata amayira agoye ngo binjire ku mugabane wa Bulaya baciye mw’ibahari.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare kw’isi Croix Rouge ryavuze ko uwundi mwimukira yaburiwe irengero muri urwo rugendo.

Tuniziya yabaye aho abo bimukira bandurukira. Iri ku birometero 140 vy’izinga rya Lampedusa mu Butaliyano ku mugabane wa Bulaya.

Imihari iharanira agateka ka muntu ivuga ko abasirikare ba Tuniziya bakorera mu mazi bamaze gufata hafi abimukira 19.500 baba bariko bagerageza kujabuka ibahari Mediterane mu mezi icenda ya mbere y’uyu mwaka. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG