Uko wahagera

Ubutaliyano Bwatabaye Abimukira 650 ba Libiya muri Mediterane


Ubwato burimwo abimukira mw'izinga rya Lampedusa, mu bumanuko bw'Ubutaliyano
Ubwato burimwo abimukira mw'izinga rya Lampedusa, mu bumanuko bw'Ubutaliyano

Ubwato bw’Ubutaliyano bwaratabaye abimukira 650 b’abanyelibiya bari bagotewe mu mazi mpuzamakungu mw’ibahari Mediterane ku musi wa gatandatu.

Ubwo bwato, Asso Ventinove, bwavuze ko abo bantu bagizwe n’abagore hamwe n’abana, kandi basa nuko bafise amagara meza.

Ubwato bw’imbaho barimwo bwari bwazamye kandi n’imoteri yabwo yari yahagaze, igihe abo bagira neza bababona bihebuye mu mazi.

Haruhande y’abo, ubundi bwato bwa Esupanye bwaratabaye abandi bimukira 48 bubakuye mu mazi bubashikana ku kivuko ca Motril ku musi wa gatandatu ku mugoroba.

Abantu bashika 44.000 baramaze kujabuka ibahari Mediterane uyu mwaka bavuye muri Tuniziya na Libiya. Bafata ingendo zitoroshe kugira bashike ku mugabane wa Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG